Amakuru
10 février 2021

Abashizeko igikumu kuri ikete basaba ko ugufashanya hagati y’Ubumwe bwa Buraya hamwe n’igihugu c’Uburundi hataragera ko gusubira, basanzwe bakomeye cane mu bihugu vyabo

Ubwicanyi no guhohotera agateka ka zina muntu bikibandanya mu Burundi nivyo vyatumye abashingamateka b’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya barenga mirongo ine basohora urwandiko, basaba ko ugufashanya hagati y’iryo shirahamwe n’igihugu c’Uburundi hataragera ko gusubira. Tharcisse  Ntakibirora, yahoze aserukira igihugu c’Uburundi mu makungu, avuga ko abo bashizeko igikumu kuri rirya kete basanzwe bakomeye cane mu bihugu vyabo. Ivyo navyo bikazotuma igihugu c’Uburundi gikurikiza ivyo gisabwa n’Ubumwe bwa Buraya imbere y’uko ugufashanya gusubira.

 

#UE