Mu ntumbero yo guhagarika iyandikwa ry’abana biba bivugwa ko ba se batazwi, abajejwe intwaro bagiye gushiraho imirwi ku bucimbiri, imitumba, amazone n’amakomine izokurikirana abigeme bibungenze, maze igire amatohoza ku babateye inda. Ni ibiherutse gushikirizwa n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, aho yaciye afata ingingo ko ata mwana n’umwe azosubira kwandikwa mu gihe se atazwi.
None amategeko yoba avuga iki ku bijanye no kwandikisha umwana ?
Iyo ngingo yoba ifise ingaruka izihe ku mwana canke nyina wiwe ?