Amakuru
6 février 2021

Ni gute abamenyeshamakuru, abo mu mashirahamwe yigenga n’abanyepolitike bahuzwa na dosiye imwe yo gushaka gutembagaza ubutegetsi?

Urwo rubanza ngo ni akamaramaza ku gihugu c’Uburundi, nk’uko bivugwa na Charles Nditije arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe na Leta. Uwo munyepolitike aribaza ibibazo bimwe bimwe bijanye n’urwo rubanza: aribaza ingene abamenyeshamakuru, abo mu mashirahamwe yigenga n’abanyepolitike bahuzwa na dosiye imwe yo gushaka gutembagaza ubutegetsi? Ni kubera iki mu gushumbusha havugwa gusa iradiyo televiziyo REMA, kandi hari ibindi bimenyeshamakuru vyaturiwe na Leta?