Pierre Nkurunziza nta ragi ryiza yasigiye Abarundi muri rusangi, na cane cane abakenyezi. Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uratanga uburorero bumwe bumwe aho yagiye araba intambamyi ku gateka k’abakenyezi nko ku nteguro y’itegeko ku bijanye no gutorana kw’abakenyezi. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, asaba Evariste Ndayishimiye gukosora amakosa yakozwe na Nkurunziza mu gufata Abarundi ku rugero rumwe kugira dushikire ugusubiza hamwe nyezina. Akaba abivuze mu gihe kuri uyu wa kane uheze ari ho hibukwa imyaka 3 iheze yitavye Imana.
Amakuru
9 juin 2023