Amakuru
3 mai 2023

Ukuganira hagati y’abasangiye akazi, kwama ari kwo kuzana ituze mu bakozi

Abakozi mu Burundi bahura n’ingorane nyinshi mu kazi kabo ka minsi yose. Tharcisse Gahungu, umuhanuzi mukuru w’urunani rw’amasendika COSYBU, avuga zimwe muri zo nk’izijanye no kutagira ubushobozi bwo gukingira abarongoye ayo masendika hamwe no kutagira ibiganiro hagati y’abakoresha n’abakozi. Agasaba abarongoye ubuzi kwama na ntaryo bategekanya umwanya wo kuganira n’abakozi kugira ntihame ukutumvikana mu kazi.