Amakuru
3 mai 2024

Hari abakozi bakora batuntuye ku mutima ariko abakoresha bakinumira (COSYBU)

Haracariho abakoresha batwaza umukazo, bakarya umutima abakozi. Vyavuzwe n’uwurongoye ihuriro ry’amasendika y’abakozi COSYBU. Hari kuri uyu wa mbere Rusama, umunsi mpuzamakungu w’abakozi. Igitangaje ni uko kuri uwo munsi nyene umukuru w’Igihugu yamenyesheje ko muri kino gihe, hari umwumvikano hagati ya leta, abakozi n’abakoresha.