Inani z’amasendika y’abakozi mu Burundi ziriyamiriza ukwivanga kwa leta mu bikorwa vy’ayo ma sendika. Imvo, ngo ni ingingo zafashwe n’umushikiranganji wa Mbere zihagarika gukura ku mishahara y’abakozi intererano zija mu ma sendika hamwe n’ukutemerera abakukuruke guserukira ama sendika. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa gatatu, Célestin Nsavyimana, arongoye urunani rw’amasendika COSYBU, yasiguye ko izo ngingo zihonyanga agateka k’abakozi bahurikiye mu masendika.
Amakuru
9 février 2023