Amakuru
27 janvier 2023

Ukugabanya amakori kwoba kimwe mu vyogabanya ingaruka ku mafaranga yataye agaciro

Ibiciro vyaraduze cane ku masoko, kugeza ku ncuro zibiri mu kiringo kitarenze imyaka ibiri. Abanyagihugu bakidoga ko ubuzima butera bubananira kuko aho bari basanzwe bakura uburyo bwo kubaho, ho hatahindutse. Bamwe bagasaba ko leta yogabanya amakori kubidandazwa kugira barabe ko hari icohinduka.