Amakuru
19 janvier 2023

Leta yokwunguka vyinshi iramutse yikoze ku bahinga bigenga mu vy’ubutunzi

Leta y’Uburundi ihamagarirwa gushiraho umurwi wigenga w’abahinga bofasha mu gutorera umuti ikibazo c’itituka ry’amafaranga. Ako kamo gaterwa na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa mbere. Arasaba kandi ko mu mafaranga leta ikoresha ku mwaka ku mwaka, yotegerejwe guha ikibanza kinini ibisata vyinjiza cane, harimwo ic’uburimyi.