CNDD-FDD ntishobora guhana abakoze ihonyabwoko mu Burundi kuko yo nyene iri mu barikoze. Bivugwa na Dr Emmanuel Nkurunziza, umushakashatsi yanonosoye ivyigwa vy’ihonyabwoko. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amenyeshereje ko ubutungane bugiye gutangura guhana abagirizwa ihonyabwoko ryo mu 1972. Emmanuel Nkurunziza avuga ko ico CNDD-FDD iriko irakora ibicishije kuri CVR yishiriyeho, ari ukugerageza kwiyeza kugira izimanganye ivyerekana ko mu mwaka w’1993 habayeho ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi, ryanemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Amakuru
5 janvier 2023