Amakuru
4 janvier 2023

Ibitaro vy’i Butaganzwa vyugarijwe n’ubukene bw’abakozi hamwe n’ubusuma bw’imiti

Abakozi badakwiye, ubusuma bw’imiti, izo ni zimwe mu ngorane ibitaro vyo muri komine Butaganzwa mu ntara ya Kirundo bifise. Bikaba bivugwa n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Dr Sylvie Nzeyimana akaba yari yishikiyeyo ku munsi wa kabiri. Akaba yasavye abarongoye ivyo bitaro ko bokwitunganya n’aho bitoroshe, hanyuma bagatuza ubwo busuma.