Amakuru
3 janvier 2023

Ikiza ca choléra cateye i Bujumbura nk’uko bimenyeshwa n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu

Uturere tw’uburaruko no hagati mu gisagara ca Bujumbura twaratewe n’ikiza ca choléra. Ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bwabimenyeshe mu rwandiko bwasohoye kw’igenekerezo rya mbere Nzero. Ubwo bushikiranganji bukaba buhamagarira abanyagihugu n’abajejwe intwaro muri utwo turere kurwanya iyandagara ry’ico kiza.