Amakuru
26 janvier 2021

Itorwa rya Révérien Ndikuriyo ku burongozi bwa CNDD-FDD ngo rishobora kuba intandaro y’iyongerekana ry’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu

Itorwa rya Révérien Ndikuriyo ku burongozi bw’umugambwe CNDD-FDD ngo rishobora kuba intandaro y’iyongerekana ry’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi ryari risanzwe ryibonekeza. Uyo mutegetsi akaba yari azwi cane kuba ashikiriza amajambo y’amacakubiri cane cane ku batavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD. Ishirahamwe mpuzamakungu IDHB ritinya ko ashobora gutuma ubugizi bwa nabi bwiyongera. Carina Tertsakian, umushakashakatsi muri iryo shirahamwe, afata iryo torwa nk’abandi bategetsi begereye bari mu bibanza bikomeye kandi basanzwe bagirizwa kuba barakoze amabi akomeye mu guhungabanya agateka ka zina muntu.