Amakuru
8 décembre 2022

Ishirahamwe COSYBU risaba leta gushira umukono ku ngingo ikumira amabi akorwa mu kazi

Itegeko ry’190 ry’ishirahamwe mpuzamakungu ry’akazi OIT rijejwe kurwanya amabi atandukanye akorerwa mu kazi, hamwe ryoshirwa mu mategeko y’Uburundi vyofasha mu kurwanya amabi atandukanye akorwa. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uyu wa kabiri mu kiringo c’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, Célestin Nsavyimana, arongoye Urunani rw’amasendika mu Burundi (COSYBU) aremeza ko ayo mabi akorerwa abakenyezi co kimwe n’abagabo.