Harakoraniye inama izomara iminsi ine mu gisagara ca Kigali mu Rwanda kuva kuri uyu wa mbere, ikaba ihuza abacamanza baturuka mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko. Mu vyo bariko bariga harimwo uguhasha ivyaha bikorerwa muri uwo muryango, no guteza imbere iterambere ridakumira. Faustin Nteziryayo, umukuru wa Sentare ntahinyuzwa y’Urwanda, avuga ko ivyo babishobora mu Rwanda kubera ubuhinga bwa none bukoreshwa mu guhanahana amakuru n’ibimenyetso ku vyaha biba.
Amakuru
8 novembre 2022