Amakuru
26 octobre 2022

Amazu avunjishirizwamwo amafaranga ntaratangura gukora n’aho leta yayarekuriye gusubira gukora

Ingingo yemerera abazwi kw’izina ry’abavunjayi gusubira gukora yafashwe haraheze indwi zibiri. Ariko ntibarasubira gukorera ku mugaragaro inyuma y’imyaka irenga ibiri yari iheze barabujijwe na leta y’Uburundi gukora. Bamwe muri abo bavunja amafaranga mvamakungu bavuga ko ingwati bariko barasabwa ari umurengera.