Amakuru
11 octobre 2022

Abantu 75% ni bo bagwara indwara zo mu mutwe kw’isi yose

Amagara yo mu mutwe ngo ni ryo shingiro ry’ubuzima bwiza ku muntu. Bivugwa n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu mu Burundi, muganga Sylvie Nzeyimana. Akabivuga mu gihe igenekerezo rya 10 Gitugutu uko umwaka utashe, isi ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amagara yo mu mutwe. Mu Burundi, uyo munsi ukazohimbazwa ku wa 20 Gitugutu mu ntara ya Ngozi.