Amakuru
30 juillet 2022

Hakwiye urunani rw’abakenyezi b’Abarundikazi kugira bashobore kwisununura

Abakenyezi bari mu bibanza vyo mu butegetsi bafise uruhara rukomeye mu guteza imbere abandi bakenyezi no kwubahiriza agateka kabo. Ako ni akamo k’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akavuga ko ako kamo agateye kubera bimaze kuboneka ko bamwe muri abo bakenyezi bashitse imbere batitaho ko bagenzi babo bari inyuma na bo bisununura. Ku Marie Louise Baricako, mu gihe abakenyezi bogira urunani, nta cobuza ko abakenyezi bose batera imbere.