Amakuru
29 juillet 2022

Ibitigiri vy’abandura indwara z’igitigu B na C biri hejuru mu Burundi

Abantu bari hagati y’ibice 5 na 10 % ni bo bandura indwara y’igitigu hépatite B, nayo abababa ibice 10% bakandura iyo bita hépatite C. Bivugwa na Dr Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu, ni mu gihe isi yose ihimbaza kuri uyu wa 28 Mukakaro umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igitigu. Akamenyesha ko mu Burundi uwo munsi uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro, ukazorangwa no gupima abanyagihugu izo ndwara.