Abakenyezi b’Abarundikazi baragira ingorane cane kugira bashobore kuronka uburyo bwo kwibeshaho. Iyo ikaba ari ingaruka imwe mu ziterwa n’uko abakenyezi badafise itegeko ribakingira mu gutorana itongo ry’umuryango bavukamwo, itongo ryobafashije n’imiburiburi gusaba ideni muri banki. Ariko rero, n’uyu munsi umukenyezi ni we nkingi y’iterambere ry’igihugu muri rusangi, n’iryumuryango vy’umwihariko. Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, atera akamo leta y’Uburundi gushiraho politike ituma umukenyezi na we yiteza imbere nk’uko vyagenze mu bindi bihugu bigeze kw’iterambere.
Amakuru
29 juillet 2022