Amakuru
27 juillet 2022

Isidore Rufyikiri, yarongoye Abashingwamanza, yarashengeye. Yaranzwe no guharanira ubutungane

Umushingwamanza Isidore Rufyikiri, yahoze arongoye urwego rw’abashingwamanza b’Uburundi, yitavye Imana ku wa 23 Mukakaro, yaranzwe no guharanira ubwigenge bw’ubutungane hamwe n’igihugu kigendera ku mategeko. Ivyamuviriyemwo kutarabwa ryiza n’ubutegetsi, aho yahavuye anirukanwa mu rwego rw’abashingwamanza b’Abarundi, ingingo yafashwe n’abanonosoye amategeko baba abo mu Burundi canke abo mu bindi bihugu, nk’ingingo iteye kubiri n’amategeko.