Amakuru
18 janvier 2021

Kw’isi yose, ingingo zo kwirinda umugera wa Corona ziriko zirafatwa

Kw’isi yose, ingingo zo kwirinda umugera wa Corona ziriko zirafatwa. Mu gihugu c’Urwanda, inyuma y’aho ibiharuro vyasubiye kwiyongera, leta y’ico gihugu yafashe ingingo yo kwugara amashure ari mu gisagara ca Kigali. Nayo ku bijanye n’urukingo rw’iyo ngwara ruvugwa kw’isi hose, igihugu c’Ubuhindi cagize isekeza ryo gucandaga abanyagihugu, leta zunze ubumwe za Amerika nazo zigiye gushiraho ibindi bibanza vyo gucandagiramwo abanyagihugu.