N’ubu haracibonekeza ibitigiri vy’umurengera mu mabohero amwe amwe yo mu Burundi arenza ibitigiri vy’abafungwa. Ivyo bitigiri bikaba bituma ubuzima bw’abanyororo butoroherwa. Ibi biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT-Burundi co mu kwezi kwa Kigarama. Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’ubutungane muri iryo shirahamwe, agasaba ko ubuzima bw’abanyororo bwokwubahirizwa cane cane muri iyi minsi ikiza ca Covid-19 gisanzwe kigisibije mu gihugu c’Uburundi.
Amakuru
15 janvier 2021
