Isi yose irahimbaza kuri uyu wa 7 Ruheshi, umunsi wahariwe kurwanya ugufungura nabi. Mu gihugu c’Uburundi, abanyagihugu bababa imiliyoni zibiri, bari mu ngorane zo gufungura nabi. Tubisanga mu cegeranyo c’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata c’ibifungurwa kw’isi, icegeranyo cakozwe hagati y’amezi ya Ndamukiza na Rusama umwaka w’2022. Ihindagurika ry’ibihe, riri mu bituma imiryango iri mu bibazo vyo gufungura nabi.
Amakuru
8 juin 2022