Amakuru
24 mai 2022

Inama nshingamateka isabwa gutora itegeko ku mafaranga akoreshwa hisunzwe ubukene bw’igihugu

Inama nshingamateka irakwiye kwemeza amafaranga leta izokoresha hakaba gukoresha ubutunzi bw’igihugu mu buryo budasanzwe. Ico ni icipfuzo ca Gabriel Rufyiri, arongoye Ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta (OLUCOME). Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere. Gabriel Rufyiri akabona ko ibisata vy’uburimyi n’ubudandanji vyoza imbere y’ibindi kugira haboneke ibitunga abanyagihugu.