Amakuru
12 mai 2022

Ukwivanga kw’abajejwe intwaro ni wo muco mu Burundi

Guha izina icaha umuntu yakoze gukorwa n’amasentare yonyene abanje kwumviriza uwukekwako icaha akisigura. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani CAVIB, inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yagirije Muganga Christophe Sahabo ko yanyonyeje amatungo y’igihugu kandi akwiye gupfungwa. Aho hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 10 Rusama 2022. Umushingwamanza Gustave Niyonzima akavuga ko ayo majambo y’umukuru w’Igihugu agaragaza ko ubutungane bw’Uburundi butigenga.