Amakuru
9 mai 2022

Abagandaguye abaseminari b’i Buta, bakwiye gushengezwa imbere y’ubutungane

Birashimishije kubona abanyeshure biciwe kw’iseminari ntoyi y’i Buta bibukwa bikavugwa ku maradiyo n’abacitse kw’icumu bakavuga uko vyagenze. Emmanuel Nkurunziza, arongoye AC-Génocide igisata co muri Canada, asaba ariko ko abo bose bibuka abo ba seminari boza baradoma urutoke ku bakoze ubwo bwicanyi. Asaba kandi ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryokoresha ubushobozi rifise ku butegetsi bwa CNDD-FDD kugira abakoze ubwo bwicanyi bahanwe.