Amakuru
27 avril 2022

Kubera urucanco rwa Malaria, OMS irashima urugero rwo kurwanya iyo ndwara

Abantu barenga imiliyoni 228 nibo barwaye ikiza ca Malaria muri bimwe mu bihugu vya Afrika mu mwaka w’2020-2021. Ariko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu rirashima ko muri iki gihe habaye akarusho bivuye ku rucanco rw’abana bari hagati y’amezi 5 n’imyaka 6 bahawe. Muganga Xavier Crespin, aserukira OMS mu Burundi, akaba yabishikirije kuri uyu wa mbere igihe hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara ya Malaria.