Amakuru
11 janvier 2021

Mu minsi indwi iheze guhera kw’igenekerezo rya 03 gushika kurya 09 nzero umwaka w’2021, abantu 177 bashasha nibo bamenyekanye ko banduye umugera wa Covid-19 mu bantu ibihumbi 5398 bapimwe

Mu minsi indwi iheze guhera kw’igenekerezo rya 03 gushika kurya 09 nzero umwaka w’2021, abantu 177 bashasha nibo bamenyekanye ko banduye umugera wa Covid-19 mu bantu ibihumbi 5398 bapimwe. Kubw’icegeranyo gishira ahabona inyishu zo gukinga Coronavirus casohotse kuri uno wa mbere, muri abo bantu batowe, harimwo abayihanahanye hagati mu gihugu, abandi barawinjirana mu gihugu baciye ku kibuga c’indege ca Bujumbura be no ku mipaka ya Mugina na Kobero. Kubera ubwo bwinshi bw’ibitigiri vy’abandura Covid-19, umurwi ujejwe gukinga uwo mugera wa Corona mu Burundi, warasohoye itangazo ku munsi wa gatanu umenyesha iyugarwa ry’imbibe ku biyunguruza n’imiduga be n’ubwato baciye mu biyaga kuva kuri uyu wa mbere. Iryo tangazo nyene rivuga ko abaza baciye ku kibuga c’indege bazotegerezwa gushirwa aha bonyene mu kiringo c’iminsi indwi.