Amakuru
7 janvier 2021

Ingingo zafashwe zijanye no kwirinda umugera wa Covid 19 ntizikurikizwa mu Burundi

Ku ruhande rw’urunani rw’abarundi b’intungane, bamenyesha ko ingingo zafashwe zijanye no kwirinda umugera wa Covid 19 zidakurikizwa mu Burundi. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, asaba abarongoye igihugu c’Uburundi kutanjanjwa kuri ico kiza.