Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu aheruka gutegeka ku mugaragaro abarongoye uruganda FOMI guhingura ifumbire ikwiye abarimyi mu gihugu cose mu minsi itarenga cumi. Abanyagihugu bakaba bari bamaze indwi zirenga zibiri basaba iyo fumbire kubera igihe c’irima kiriko kirabarengana. Mbega ni kubera iki iyo fumbire yabuze ? Izoba yabonetse muri ico kiringo catanzwe n’umushikiranganji Gervais Ndirakobuca ? Ivyo nivyo bibazo tuza kwishura mu kiganiro « Kw’Īsôko ».
Journal
1 mars 2022