Amakuru
6 janvier 2021

Abantu 39 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, 3 baranyuruzwa, 12 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko na 13 basinzikarijwe ubuzima

Abantu 39 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, 3 baranyuruzwa, 12 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko na 13 basinzikarijwe ubuzima. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi co mu kwezi kwa 12 umwaka uheze. Abakekwa gukora ayo mabi, ngo ni urwaruka rw’Imbonerakure hamwe na bamwe mu nzego z’umutekano.