Amakuru
1 avril 2022

Umushikiranganji w’Amagara y’abantu agiye gutorera umuti ibura ry’ibikoresho mu bitaro vya Rumonge

Ubukene bw’abaganga hamwe n’ubukene bw’ibikoresho ni vyo bihanze abakozi bakorera ibitaro bikuru vya leta vyo mu Rumonge. Abaserukira abo bakozi babibwiye umushikiranganji w’Amagara y’abantu yari yabagendeye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Ntwarante. Muganga Sylvie Nzeyimana akaba yagiye abemereye ko agiye gukora uko ashoboye kugira atorere umuti izo ngorane bafise. Yagiriyeko anabasaba kwama bakora bitanga kugira bafashe ababitura.