Amakuru
4 mars 2022

Ukwunguruza impunzi z’Abarundi ziba muri Congo kwofasha ku mutekano wazo

Léopold Sharangabo
Impunzi z’Abarundi ziba mu makambi ya Mulongwe na Lusenda ngo zikwiye kwimurirwa ahandi kubera ko umutekano wazo ubangamiwe. Ivyo biri mw’ikete Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi (CBDH/VICAR) rwandikiye umukuru w’igihugu ca Congo kuri uno wa kabiri. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, amenyesha kandi ko n’ubuzima bw’izo mpunzi butera bwunyuka.