Amakuru
2 avril 2024

Amacakubiri ashingiye ku bwoko aracasasiwe indava mu karere (Paul Kagame)

Ivyiyumviro bigendera ku macakubiri y’ubwoko biracibonekeza mu karere. Bivugwa n’umukuru w’Igihugu c’Urwanda Paul Kagame. Abivuze mu gihe Urwanda buca rwibuka imyaka 30 iheze habaye ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi. Paul Kagame amenyesha ko ari co gituma FDLR iriko irakorana na leta za Congo n’Uburundi.