Amakuru
18 mars 2022

Uburundi bwabaye ubwa mbere mu bihugu vyo muri Afrika yo hagati mu kurwanya ikiza ca SIDA

Uburundi bwabaye ubwa mbere muri Afrika yo hagati n’iy’ubuseruko mu kurwanya ikiza ca SIDA. Uburundi bukaba bushikanye ibice 90 % vy’intumbero bwihaye incuro zitatu. Biri mu cegeranyo catanzwe kuri uyu wa kabiri itariki 14 Ntwarante n’ishirahamwe ONU SIDA. Uburundi bukaba bunezerejwe n’iyo ntambwe, nk’uko bishikirizwa na Dr Sylvie Nzeyimana, umushikiranganji w’Amagara y’abantu no kurwanya SIDA.