Amakuru
19 mars 2022

Leta niyo itegerezwa kuba magabo kugira agateka k’abakenyezi kagume kubahirijwe

Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uratera akamo Leta y’Uburundi ko yohinyanyura amabwirizwa yose yoba atosekaza agateka k’abigeme n’abakenyezi. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi ». Umuhari Inamahoro ugasaba abigeme n’abakenyezi bose ko bokwitwararika kumenya amategeko abagenga n’inzego zijejwe kubatunganiriza.