Amakuru
5 avril 2022

Kw’Īsôko : East African Region Project Group, ishirahamwe rishasha ricukura nickel i Musongati

Leta y’Uburundi, ibicishije mu bushikiranganji bw’Ubutare n’agataka, yarateye umukono ku wa kabiri igenekerezo rya 29 Ntwarante 2022 ku masezerano ayihuza n’ishirahamwe East African Region Project Group rigiye gucukura ubutare bwa nickel i Musongati. Amafaranga azokwinjira mu kigega ca leta akaba angana n’imiliyoni 500 z’amadolari y’abanyamerika ku mwaka mu gihe c’imyaka cumi.
None akarusho k’ayo masezerano mashaha ni akahe ku gihugu ?
Abakurikiranira hafi ibijanye n’ikoreshwa ry’ubutunzi bw’igihugu bavyakira gute ?