Amakuru
8 mars 2022

Kubona ata tegeko rigenga ugutorana kw’abakenyezi, ni uguhungabanya agateka kabo

Leta y’Uburundi ikoresha amajambo meza iriko iravuga agateka k’abakenyezi, ariko ishirwa mu ngiro ntaho risa risana n’ayo majambo. Umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, ufatira ku civugo c’uyu mwaka w’2022 aho amakungu ahimbaza umunsi wahariwe agateka k’umukenyezi « Umukenyezi niwe nkingi y’iterambere ry’uburimyi hamwe no mu gukingira ibidukikije ». N’aho ico civugo ari ciza, ntaho gisana n’ibiba mu gihugu. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akavuga ko utosaba umuntu gukingira ikintu adafiseko uburenganzira, agatanga akarorero k’itongo abakenyezi bataronswa mu gutorana nk’abandi bana mu muryango.