Amakuru
4 avril 2022

Ibice 30 % bitangwa n’Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ku bakenyezi ntivyubahirijwe

Gushika uno munsi, umukenyezi w’umurundikazi ntaraserukirwa ku rugero rwa 30 kw’ijana mu nzego z’igihugu zifata ingingo, kandi babirekurirwa n’amasezerano ya Arusha. Bivugwa na Jacqueline Habonimama, ari mu muhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi ». Umuhari Inamahoro uboneraho gusaba abakenyezi b’abakenguzamateka gufasha kugira ivyo biharuro vyubahirizwe.