Amakuru
17 mars 2022

FIDA iriko irashigikira igisata c’uburimyi mu Burundi mu gutanga amafaranga afasha muri ico gisata

Iterambere ry’umunyagihugu, ngo niwo mwitwarariko w’ubushikiranganji bw’Uburimyi n’ubworozi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu FIDA. Bishikirizwa na Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’Uburimyi n’ubworozi. Hari kuri uyu wa kabiri, inyuma y’aho yahaye umubonano uwuserukira ikigega mpuzamakungu kijejwe iterambere ry’uburimyi FIDA mu Burundi. Déo Guide Rurema akamenyesha kandi ko hari n’umugambi ikigo mpuzamakungu FIDA kizoshigikira, ukazofasha mu kugwiza umwimbu.