Amakuru
31 mars 2022

Abantu bicwa, abandi bagahagarikwa hadakurikijwe amategeko, uko niko abanyagihugu babayeho

Abantu umunani ni bo bishwe, mirongo ibiri na batanu barafatwa hadakurikijwe amategeko, umwe aburwa irengero hamwe n’uwundi umwe yakorewe amabi afatiye ku gitsina. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka co mu ndwi iheze. Célestin Ruribikiye, ajejwe kumenyesha amakuru muri Ligue Iteka, amenyesha ko abaguma bakora ayo mabi ari bamwe mu bari mu nzego z’iperereza babifashijwemwo n’abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Célestin Ruribikiye agasaba ubutegetsi gukurikirana mu butungane abagirizwa ivyo vyaha.