Amakuru
19 juin 2023

Imyaka 3 Ndayishimiye amaze ku butegetsi, agateka ka zina muntu karahonyanzwe bikomeye

Abantu barenga 1 800 barishwe mu kiringo c’imyaka itatu ya mbere umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Abarenga 130 baranyurujwe, na yo abarenga 200 barahohoterwa baborezwa igufa. Bishikirizwa n’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka. Ayo mabi ahanini ngo akorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure rufadikanije na bamwe mu nzego z’umutekano n’iperereza. Anschaire Nikoyagize, arongoye umuhari Iteka, asaba umukuru w’Igihugu gushiramwo inguvu arwanye ukudahana.