Amakuru
9 avril 2022

Abantu barenga 150 barishwe mu mezi 3 ya mbere y’2022 nk’uko biri mu cegeranyo ca Ligue Iteka

Amabi mu Burundi aguma yiyongera umunsi ku munsi. Ikimenyamenya ni ubwicanyi, izimangana ry’abantu, ugufata ku nguvu n’ihohoterwa ry’abantu ata munsi wijana bitavuzwe. Ivyo biri mu cegeranyo ca nyuma c’amezi atatu aheze c’umuhari ligue Iteka. Célestin Ruribikiye, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, aravuga ibiharuro bijanye n’ayo mabi atandukanye. Akanatanga n’uturorero tumwe tumwe kuri ayo mabi yakozwe ariko kugeza ubu adahanwa.