Amakuru
28 mars 2022

Abakenyezi bategerezwa guterera mw’iterambere ry’igihugu nk’abandi banyagihugu

Umuhari Inamahoro uributsa abakenyezi n’abigeme ko bakwiye gukurikiranwa, gushigikirwa no kudakumirwa mu migambi y’iterambere ry’igihugu ku neza yabo, y’imiryango n’igihugu. Ni mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi » mutegurirwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, akamenyesha kandi ko politike y’uguteza imbere igihugu idakwiye kuba itegeko ku banyagihugu.