Amakuru
9 avril 2022

Abakenyezi b’Abarundikazi barakeneye ubuhinga bwa none bwo kugwiza umwimbu w’uburimyi

Leta y’Uburundi irakwiye kuronsa uburyo n’ibikoresho abakenyezi kugira bashobore kugwiza umwimbu. Bishikirizwa na Jacqueline Habonimana, ari mu muhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Abivuga mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’abakenyezi ». Jacqueline Habonimana amenyesha kandi ko abo bakenyezi bakwiye kuronswa n’inyigisho zijanye n’ukurima kijambere.