Amakuru
7 avril 2022

Ababa mu gisagara ca Bujumbura bategerezwa kuvavanura n’ukwonona inkombe z’uruzi Ntahangwa

Aborozi, abaropozi, abariko barubaka ku nkengera z’uruzi Ntahangwa, barasabwa bose kubihagarika vuba. Iryo tegeko ryatanzwe na Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, hari kuri uyu wa kabiri aho yari mu rugendo rwo kugenzura aho ibikorwa vy’ubworozi no gutera imisuna hafi y’uruzi Ntahangwa bigeze. Yongeye asaba abaropozi ko bosigaza ikibanza c’ahazoterwa imisuna.