Amakuru
28 juillet 2023

Kuva ubu, amakori yo mu gisagara ca Bujumbura agiye gutozwa n’ikigo OBR

Ibibanza vy’amasoko yo mu gisagara ca Bujumbura bigiye kuzohora bitozwa amakori n’amatagisi n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi, OBR. Mu rugendo rwakorewe ahari isoko ya Ruvumera muri zone Buyenzi, komine Mukaza, hakaba hamenyeshejwe ingingo y’uko ibibanza biri hanze y’isoko bigiye kuza barariha amafaranga ibihumbi 600 ku kwezi. Bishikirizwa na Jimmy Hatungimana, arongoye igisagara ca Bujumbura, aho yongerako ko n’abakorera hagati mw’isoko bafise amafaranga bihuye bazoriha ikigo OBR.