Amakuru
19 octobre 2023

Wazalendo bashizweho kugira hahonyangwe amasezerano yo guhagarika intambara (Rudatsimburwa)

Ibiganiro yahagati y’impande zishamiranye ni vyo vyonyene bishobora kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo. Ivyo bivugwa na Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda akaba n’umushakashatsi ku bibazo vya politike mu bihugu vy’ibiyaga binini. Akaba abishikirije inyuma y’aho hasubiye kwaduka intambara ahanini ivuye ku bitero vy’umurwi witwa Wazalendo uri kumwe n’igisirikare FARDC hamwe n’abo bafashanya muri bo hasigaye havugwamwo n’abasirikare b’Uburundi. Ku bwa Rudatsimburwa, uwo murwi wiswe iryo zina kugira leta ihonyange amazerano yo guhagarika intambara, inyuma y’aho umuhari M23 usubirije ibice wari wafashe ukabisigarana ingabo z’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Igiteye amakenga ariko ku bw’uwo muhinga ni uko uwuserukira ONU asa n’uwuri ku ruhande rwa leta aho kuja hagati ari na vyo bituma intambara idacureha.