Amakuru
23 mars 2024

Victoire Ingabire yankiwe kwitoza kubera akurikiranwa ku mabi akomeye (Rudatsimburwa)

Victoire Ingabire yarankiwe kwitoza mu matora y’umukuru w’Igihugu muri Mukakaro. Iyo ngingo yafashwe na Sentare nkuru y’Urwanda itariki 13 Ntwarante. Uwo atavuga rumwe na leta akaba yaramenyesheje ko azokwunguruza. Abatari bake baribaza icatumye yankirwa kwitoza. Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda, akaba akurikiranira hafi ibibazo vya politike, asigura ko ari ukubera Victoire Ingabire ataraheza igihano yaciriwe c’imyaka 13 yo gupfungwa, n’aho ubu yidegemvya kubera ikigongwe c’umukuru w’Igihugu yahawe. Ariko akavuga ko ukwo kwitoza kudashoboka cane cane kubera ivyaha bikomeye akurikiranwako, harimwo uguhakana ihonyabwoko ry’Abatutsi mu 1994.